Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 149

Haleluya.

Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nsha,

mumuririmbire ishimwe mw’ikoraniro ry’abera biwe.

Isirayeli nibanezerererwe Umuremyi wabo;

ab’i Siyoni nibanezerererwe Umwami wabo.

Nibahimbaze izina ryiwe batamba

bamuvugirize umurya w’inanga n’umurisho w’ingoma.

Kuko Uhoraho ahimbarirwa abantu biwe;

yambika abaciye bugufi ukunesha nk’igitsibo.

Abera biwe nibanezererwe icubahiro ciwe

bamuvugirize impundu bari ku mariri yabo.

Uguhimbaza Imana kube mu kanwa kabo

bafise inkota y’ubugi bubiri mu ntoke,

kugira ngo bihore amahanga

bahane amoko,

bongere baboheshe iminyororo abami bayo,

abaganwa bayo bababoheshe imigozi y’ivyuma,

maze bashitse urubanza bandikiwe ko bazohanwa;

ico ni co cubahiro c’abera biwe.

Haleluya.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.