Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 142

Ni masikili ya Dawidi. Aho yari mu kinogo. Ni isengesho.

Ndatakambira Uhoraho n’ijwi rirenga;

nzoshira ijwi hejuru ntakambira Uhoraho.

Ndasuka amajojwa yanje imbere yiwe;

ndavuga ivyago vyanje imbere yiwe.

Iyo impwemu yanje icikiye intege muri jewe,

ni wewe urinda inzira yanje.

Mu nzira ngenderamwo

abantu banteze umutego.

Birabe ubibone, nta n’umwe ari i buryo bwanje;

nta n’umwe anyitayeho.

Singira ubuhungiro;

nta n’umwe yitayeho ubugingo bwanje.

Ndagutakambiye, Uhoraho;

ndavuga nti: “Uri ubuhungiro bwanje,

umugabane wanje mw’isi y’abazima.”

Niwumve ugutakamba kwanje,

kuko ngowe cane;

ntabara unkize abampiga,

kuko bandusha inkomezi.

Umbohore unkure mw’ibohero ndimwo,

kugira ngo mpimbaze izina ryawe.

Maze abagororotsi bazokoranira aho ndi,

kuko unyeretse ukugira neza kwawe.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.