Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 122
Ni indirimbo yo mw’iduga. Ni iya Dawidi.
Naranezerewe igihe bambwira bati:
“Tuje mu nzu y’Uhoraho.”
Ibirenge vyacu bihagaze
mu marembo yawe, Yerusalemu.
Yerusalemu hubatswe nk’igisagara
cegeranye kandi gifatanye.
Aho ni ho imiryango iduga;
imiryango y’Uhoraho;
ngo bahimbaze izina ry’Uhoraho
nk’uko yabishingiye Isirayeli.
Aho ni ho hari intebe z’imanza,
intebe z’inzu ya Dawidi.
Musabire Yerusalemu ironke amahoro muti:
“Icompa abagukunda bakaba amahoro.
Icompa mu nzitiro zawe hakaba amahoro
n’umutekano ukaba mu minara yawe.”
Kubera umuryango wanje n’abagenzi banje,
nzovuga nti: “Amahoro abe muri wewe.”
Kubera inzu y’Uhoraho Imana yacu,
nzokwama ngusabira ivyiza.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.