Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Zaburi 119
Alefu
Hahiriwe abatunganye mu nzira zabo,
bagenda bisunga Ivyagezwe vy’Uhoraho.
Hahiriwe abitondera ivyo yihanikirije,
bakamuronderana umutima wabo wose;
ntibakora ibibi,
ariko bagakurikira inzira ziwe.
Washizeho ivyo wihanikirije
kugira ngo abantu bavyitondere.
Icompa inzira zanje zigatumbera
mu kwitondera ivyo washinze!
Aho ni ho ntazomaramara
ninashira umutima ku mabwirizwa yawe.
Nzogutazira n’umutima utunganye
uko nzokwiga ivyagezwe vyawe bigororotse.
Nzokwumvira amategeko yawe;
ntumpebe rwose!
Beti
Ni gute umusore yoshobora kuguma mu nzira y’ugutungana?
Ni mu kubaho nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Nzokuronderana umutima wanje wose;
ntuze undeke ngo mve mu mabwirizwa yawe.
Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje
kugira ngo sindagucumureko.
Uhimbazwe, Uhoraho;
unyigishe ivyo wihanikirije.
Iminwa yanje isubiramwo
ivyagezwe vyose biva mu kanwa kawe.
Jewe nezererwa kwitondera ivyo washinze
nk’uko umuntu anezererwa ubutunzi bwinshi.
Jewe ndimbura ivyo wihanikirije
kandi nshira umutima ku nzira zawe.
Jewe mpimbarwa n’ivyo washinze;
sinzokengera ijambo ryawe.
Gimeli
Girira neza umusavyi wawe umwanya nkiriho,
kugira ngo numvire ijambo ryawe.
Humura amaso yanje kugira ngo mbone
ibitangaza vyo mu Vyagezwe vyawe.
Ndi inyambukira kw’isi;
ntumpishe amabwirizwa yawe.
Umutima wanje umazwe no kwipfuza
ivyagezwe vyawe ibihe vyose.
Ukankamira abibone, bariko umuvumo,
abazimira bakava mu mabwirizwa yawe.
Unkureko agacokoro n’agakengerwe,
kuko nitondera ivyo wihanikirije.
Naho abatware bicara hamwe ngo bamvuge nabi,
umusavyi wawe nzorimbura amategeko yawe.
Ivyo wihanikirije ni vyo bimpimbara;
ni vyo bingira inama.
Daleti
Ndyamye hasi mu mukungugu;
zigama ubugingo bwanje nk’uko ijambo ryawe ryavuze.
Nakwiganiye ivy’inzira zanje, nawe uranyishura;
nyigisha amategeko yawe.
Mpa gutahura inzira y’ivyo wihanikirije,
kugira ngo ndimbure ku vyo wakoze bihambaye.
Umutima wanje uremerewe n’umubabaro;
nkomeza nk’uko ijambo ryawe ryavuze.
Nshira kure y’inzira z’ubugunge,
ngirira ubuntu unyigishe Ivyagezwe vyawe.
Nahisemwo inzira z’ukwizigirwa;
umutima wanje nawushize ku vyagezwe vyawe.
Jewe numira ku vyo wihanikirije, ewe Uhoraho;
ntuze undeke ngo maramare.
Niruka mu nzira y’amabwirizwa yawe,
kuko waguye ugutahura kwanje.
He
Uhoraho, nyigisha inzira z’ivyo wihanikirije,
kugira ngo ndazikurikire gushika kw’iherezo.
Numpe ugutahura, kugira ngo nitondere Ivyagezwe vyawe
kandi ngo ndavyitondere n’umutima wanje wose.
Ntumbereza mu nzira y’amabwirizwa yawe,
kuko aho ari ho mpimbarirwa.
Hindukiriza umutima wanje ku vyo wihanikirije
ndawukure ku vy’inyungu mbi.
Hindukiriza amaso yanje kure y’ibitagira ikimazi;
uzigame ubugingo bwanje nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Shitsa isezerano ryawe ku musavyi wawe,
kugira ngo wubahwe.
Shira kure ibiteterwe ntinya,
kuko ivyagezwe vyawe ari vyiza.
Mbega ukuntu nipfuza ivyo washinze!
Uzigamire ubugingo bwanje mu kugororoka kwawe.
Wawu
Icompa urukundo rwawe rudashira rukanzako, ewe Uhoraho,
n’agakiza kawe, nk’uko isezerano ryawe rivuga;
ni ho nzoshobora kwishura uwunkengereye wese,
kuko nizigira ijambo ryawe.
Ntuze wigere ukura ijambo ryawe ry’ukuri mu kanwa kanje,
kuko ivyizigiro vyanje nabishize mu vyagezwe vyawe.
Nzokwama nitondera Ivyagezwe vyawe,
ibihe n’ibihe.
Nzogendera mu mwidegemvyo,
kuko nize ivyo wihanikirije.
Nzovuga ivyo wigishije imbere y’abami
kandi ntibizomaramaza,
kuko nezererwa amabwirizwa yawe,
kandi ndayakunda.
Ntuma amaboko yanje amabwirizwa yawe nkunda,
kugira ngo ndimbure ku vyo washinze.
Zayini
Wibuke ijambo wabwiye umusavyi wawe,
kuko wampaye ivyizigiro.
Ikindemesha mu mubabaro wanje ni iki:
Isezerano ryawe rizigama ubugingo bwanje.
Abibone barancokora ata kigongwe,
ariko simva mu Vyagezwe vyawe.
Uhoraho, nibuka ivyagezwe vyawe vya kera,
maze bikandemesha.
Ndababara cane kubera abanyakibi,
kuko bahevye Ivyagezwe vyawe.
Ivyo washinze ni vyo shimikiro ry’indirimbo yanje
aho ndi hose nk’ingenzi.
Uhoraho we, mw’ijoro nibuka izina ryawe,
kugira ngo ngumye Ivyagezwe vyawe.
Ng’iki ico nagize umwuga:
ni ukwitondera ivyo wihanikirije.
Heti
Uhoraho, ni wewe mugabane wanje;
nasezeranye kwumvira amajambo yawe.
Narondeye mu nyonga hawe n’umutima wanje wose;
ngirira ubuntu nk’uko wasezeranye.
Niyumviriye ku nzira zanje
kandi nahindukirije intambuko zanje ku vyo wihanikirije.
Nzokwihuta kandi sinzotebagana
kwitondera amabwirizwa yawe.
Naho abanyakibi bombohesha ibiziriko,
sinzokwibagira Ivyagezwe vyawe.
Igicugu kigeze hagati nzovyuka ndagushimire
ku bw’ivyagezwe vyawe bigororotse.
Ndi incuti y’abakwubaha bose,
abakurikira ivyo wihanikirije bose.
Isi yuzuye urukundo rwawe, Uhoraho;
nyigisha amategeko yawe.
Teti
Wagiriye neza umusavyi wawe
nk’uko ijambo ryawe rivuga, Uhoraho.
Nyigisha ukumenya n’uguca iziroranye,
kuko nizigiye amabwirizwa yawe.
Imbere yuko mbabazwa narazimiye,
ariko ubu nitondera ijambo ryawe.
Uri mwiza, kandi n’ivyo ukora ni vyiza;
nyigisha amategeko yawe.
Naho abibone banyambitse ibara bambeshera,
nitondera ivyo wihanikirije n’umutima wanje wose.
Imitima yabo yarakomantaye nta co yumva,
ariko jeho mpimbarwa n’Ivyagezwe vyawe.
Vyabaye vyiza kuri jewe kubabazwa
kugira ngo nige amategeko yawe.
Ivyagezwe vyo mu kanwa kawe bindutira
ibihumbi vy’ifeza n’inzahabu.
Yodi
Intoke zawe ni zo zandemye zirambumba;
numpe ugutahura ngo nige amabwirizwa yawe.
Abakwubaha baze banezerwe nibambona,
kuko nizigiye ijambo ryawe.
Uhoraho, ndazi ko ivyagezwe vyawe bigororotse,
kandi ko mu bwizigirwa bwawe wandetse ngo mbabazwe.
Icompa urukundo rwawe rukandemesha,
nk’uko wasezeraniye umusavyi wawe.
Imbabazi zawe nizinzeko kugira ngo mbeho,
kuko Ivyagezwe vyawe ari vyo bimpimbara.
Abibone nibamaramare kuko bangiriye nabi ata nyanduruko;
ariko nzorimbura ivyo washinze.
Abakwubaha nibampindukirire,
abatahura ivyo wihanikirije.
Ese icompa ngakurikira amategeko yawe n’umutima wose,
kugira ngo sinze maramare.
Kafu
Umutima wanje uciwe intege no kwipfuza agakiza kawe,
ariko nizigiye ijambo ryawe.
Amaso yanje ararushe, ariko ararondera isezerano ryawe;
ndavuga nti: “mbega uzompoza ryari?”
Naho meze nk’umukuza w’urusato mu mwotsi,
sinibagira amategeko yawe.
Umusavyi wawe azogeza hehe kurindira?
Uzohana abampama ryari?
Abibone bimvye ibinogo ngo bantege,
binyuranye n’Ivyagezwe vyawe.
Amabwirizwa yawe yose ni ayo kwizerwa;
ntabara, kuko ndiko ndahamwa ata nyanduruko.
Hari hasigaye gato bakankura kw’isi,
ariko sinahevye ivyo washinze.
Mu rukundo rwawe rudashira zigama ubugingo bwanje
kugira ngo nitondere ivyo wihanikirije n’akanwa kawe.
Lamedi
Ijambo ryawe, Uhoraho, ni iry’ibihe vyose;
rihora rihamye mw’ijuru.
Ukwizigirwa kwawe guhoraho uko urunganwe rukurikirana n’urundi;
washizeho isi, kandi izokwamaho.
Ivyagezwe vyawe bihoraho kugeza uwu musi,
kuko vyose bigukorera.
Iyo ntanezerererwa Ivyagezwe vyawe,
mba narahitanywe n’umubabaro wanje.
Sinzokwigera nibagira ivyo wihanikirije,
kuko ari vyo wazigamishije ubugingo bwanje.
Unkize kuko ndi uwawe;
narondeye ivyo washinze.
Abanyakibi babundiye kunyica,
ariko nzozigama ivyagezwe vyawe.
Ibitunganye vyose bifise aho bigarukira,
ariko amabwirizwa yawe ntagira akarimbi.
Memu
Ese ukuntu nkunda Ivyagezwe vyawe!
Ndabirimbura bukarinda bwira.
Amabwirizwa yawe yamana nanje
antera kuba umunyabwenge kuruta abansi banje.
Mfise ugutahura kurusha abanyigishije,
kuko ndimbura ivyo washinze.
Mfise ugutahura kurengeye abahumure,
kuko nubaha ivyo wihanikirije.
Narinze ibirenge vyanje ngo ntibije mu nzira mbi zose
kugira ngo nitondere ijambo ryawe.
Sinavuye mu vyagezwe vyawe,
kuko ubwawe ari wewe wanyigishije.
Ese ukuntu amajambo yawe ansosera mu kanwa,
mu kanwa kanje asosa kurusha ubuki!
Nunguka ugutahura kuvuye mu vyo washinze;
ni co gituma nanka inzira zose mbi.
Nuni
Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje,
ni umuco umurikira mu nzira yanje.
Nararahiye ndisiba,
ko nzokurikiza ivyagezwe vyawe bigororotse.
Narababajwe bikomeye;
zigama ubugingo bwanje, Uhoraho, nk’uko ijambo ryawe ryavuze.
Uhoraho, akira uguhimbaza kw’akanwa kanje kuvuye ku mutima,
maze unyigishe ivyagezwe vyawe.
Naho ngendera hafi y’urupfu,
sinzokwibagira Ivyagezwe vyawe.
Abanyakibi banteze umutego,
ariko sinazimiye ngo mve mu vyo washinze.
Ivyo wihanikirije ni vyo mugabane wanje ibihe vyose;
ni vyo binezereza umutima wanje.
Umutima wanje unezerwa no kwitondera amategeko yawe
gushika no kw’iherezo.
Sameki
Ndanka abantu b’imitima ibiri,
ariko nkunda Ivyagezwe vyawe.
Ni wewe buhungiro bwanje n’inkinzo yanje;
nashize ivyizigiro vyanje mw’ijambo ryawe.
Nimumve i ruhande, mwa nkozi z’ibibi mwe,
kugira ngo nitondere amabwirizwa y’Imana yanje!
Nshigikira, ewe Mana yanje, nk’uko isezerano ryawe rivuga, ni ho nzobaho;
ntureke ivyizigiro vyanje ngo bibe ivy’impfagusa.
Unshigikire, ni ho nzotabarwa;
nzokwama nitwararika amategeko yawe.
Abazimira bakava mu mategeko yawe uzobaheba,
kuko ubuhumvyi bwabo ata co buzoshikako.
Abanyakibi bose bo kw’isi uzobashibura nk’umwavu;
ni co gituma nzokunda ivyo washinze.
Umubiri wanje uhinda agashitsi ku bwo kukwubaha;
ivyagezwe vyawe birantangaza.
Ayini
Nakoze ibigororotse n’ibitunganye;
ntuntererane abancinyiza.
Nuhe umusavyi wawe kuroranirwa;
ntureke ngo abibone bancinyize.
Amaso yanje ararushe, yiteze agakiza kawe,
yiteze isezerano ryawe rigororotse.
Girira umusavyi wawe nk’uko urukundo rwawe ruri
kandi unyigishe amategeko yawe.
Ndi umusavyi wawe; numpe ugusesangura
kugira ngo ntahure ivyo washinze.
Uhoraho we, harageze ko ukora
kuko ivyagezwe vyawe vyahonyanzwe.
Kuko nkunda amabwirizwa yawe
kurusha inzahabu, inzahabu ikuwemwo imyanda yose,
kandi kuko nshira umutima ku vyo washinze,
kandi nanka inzira yose mbi.
Pe
Ivyo wihanikirije ni vyiza cane;
ni co gituma ndavyitondera.
Iyo umuntu amenye ijambo ryawe, abona umuco;
abadaciye ubwenge ribaha ugutahura.
Ndasamye kandi ndahuzagizwa,
nipfuza amabwirizwa yawe.
Hindukira maze ungirire imbabazi,
nk’uko wama ugirira abakunda izina ryawe.
Rongora intambuko zanje nk’uko ijambo ryawe ryavuze;
ntureke ngo hagire ikibi kinganza.
Uncungure unkure mu gacinyizo k’abantu,
kugira ngo nitondere ivyo wihanikirije.
Umurikishirize umusavyi wawe inyonga zawe
unyigishe amategeko yawe.
Imigende y’amosozi itemba iva mu maso yanje,
kuko abantu batumvira Ivyagezwe vyawe.
Tsade
Uragororotse, ewe Uhoraho,
kandi ivyagezwe vyawe biratunganye.
Ivyo washinze biragororotse;
ni ivyo kwizigira rwose.
Ishaka ryanje ryaka muri jewe nk’umuriro,
kuko abansi banje birengagije amajambo yawe.
Amasezerano yawe yaragejejwe rwose,
ni co gituma nanje umusavyi wawe ndayakunda.
Naho ndi umunyantegenke n’inkengerwa,
sinibagira ivyo wihanikirije.
Ukugororoka kwawe ni uko ibihe bidashira
kandi Ivyagezwe vyawe ni ivy’ukuri.
Ivyago n’akabonge vyanjeko,
ariko amabwirizwa yawe ni yo anezera.
Ivyo washinze vyama bigororotse;
umpe ugutahura kugira ngo mbeho.
Kofu
Ndakwambaje n’umutima wanje wose, nunyishure, ewe Uhoraho,
nanje nzokwitondera amategeko yawe.
Ndagutakambiye; nkiza
nanje nzokwitondera ivyo washinze.
Mvyuka umutwenzi utaratambika ngatakamba;
nizigiye ijambo ryawe.
Nguma ndi maso ijoro ryose,
kugira ngo ndimbure amasezerano yawe.
Niwumve ijwi ryanje nk’uko urukundo rwawe rungana;
ukingire ubugingo bwanje, Uhoraho, nk’uko ivyagezwe vyawe biri.
Abagira imigabo mibi baranyegereye,
ariko bari kure y’Ivyagezwe vyawe.
Ariko weho, Uhoraho, uri hafi yanje,
kandi amabwirizwa yawe yose ni ay’ukuri.
Kuva kera nize mu vyo washinze
ko wabishinze ngo bigume bihamye gushika ibihe vyose.
Reshi
Raba umubabaro wanje maze untabare,
kuko ntibagiye Ivyagezwe vyawe.
Mburanira kandi uncungure;
uzigame ubugingo bwanje nk’uko wasezeranye.
Agakiza kari kure y’abanyakibi,
kuko batarondera kumenya amategeko yawe.
Ikigongwe cawe, ewe Uhoraho, kirahambaye;
zigama ubugingo bwanje nk’uko ivyagezwe vyawe bivuga.
Abampiga babaye benshi,
ariko sinavuye mu vyo washinze.
Abatizera ndabarabana agakengerwe,
kuko batumvira ijambo ryawe.
Raba uko nkunda ivyo wihanikirije;
uzigame ubugingo bwanje, Uhoraho, ku bw’urukundo rwawe.
Amajambo yawe yose ni ay’ukuri;
ivyagezwe vyawe vyose bigororotse vyamaho ibihe vyose.
Sini na Shini
Abakomeye barampiga ata nyanduruko,
ariko umutima wanje uhindira agashitsi ijambo ryawe.
Jewe nezererwa isezerano ryawe
nk’uwironkeye iminyago myinshi.
Ndanka kandi ngakengera ibinyoma
ariko nkunda Ivyagezwe vyawe.
Ndaguhimbaza incuro indwi ku musi
ku bw’ivyagezwe vyawe bigororotse.
Abakunda Ivyagezwe vyawe bafise amahoro menshi,
kandi ntagishobora kubatsitaza.
Uhoraho, niteze agakiza kawe,
kandi nitondera amabwirizwa yawe.
Jewe nitondera ivyo washinze,
kuko ndabikunda cane.
Jewe nitondera ivyo wihanikirije n’ivyo washinze,
kuko inzira zanje zose uzizi.
Tawu
Icompa ugutakamba kwanje kugashika imbere yawe, Uhoraho;
umpe ugutahura nk’uko ijambo ryawe rivuga.
Ukwinginga kwanje nigushike imbere yawe;
undokore nk’uko wasezeranye.
Icompa iminwa yanje ikuzura ishimwe,
kuko unyigisha ivyo washinze.
Icompa ururimi rwanje rukaririmba ijambo ryawe,
kuko amabwirizwa yawe yose agororotse.
Icompa ikiganza cawe kikitegurira kuntabara,
kuko nahisemwo ivyo washinze.
Ndipfuza rwose agakiza kawe, ewe Uhoraho,
kandi Ivyagezwe vyawe bimpa kunezerwa.
Umpe kubaho ngo ndaguhimbaze,
kandi ivyagezwe vyawe binshigikire.
Nazimiye nk’intama yatakaye.
Rondera umusavyi wawe,
kuko ntibagiye amabwirizwa yawe.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.