Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Zaburi 116

Nkunda Uhoraho, kuko yumvise ijwi ryanje;

yumvise ugutakamba kwanje.

Kuko yanteze ugutwi,

nzomwambaza igihe cose nzoba nkiriho.

Imigozi y’urupfu yaranyizingiriyeko,

umubabaro wo mu mva warandenze;

narengewe n’umubabaro n’agahinda.

Maze nambaza izina ry’Uhoraho nti:

“Uhoraho, nkiza!”

Uhoraho ni umunyabuntu kandi aragororotse;

Imana yacu yuzuye imbabazi.

Uhoraho azigama ba nyarucari;

aho nacishwa bugufi, yarantabaye.

Mutima wanje, subira utekane,

kuko Uhoraho yakugiriye neza.

Kuko wewe Uhoraho, wankuye mu rupfu,

amaso yanje ukayakiza kurira,

ibirenge vyanje ukabikiza gutsitara,

kugira ngo ngendere imbere y’Uhoraho

mw’isi y’abazima.

Nari nizigiye Uhoraho aho navuga nti:

“Ndababajwe cane”;

mu mubabaro wanje naravuze nti:

“Abantu bose ni ababeshi.”

Uhoraho nzomwitura iki

ku vyiza vyose yankoreye?

Nzoshira hejuru igikombe c’agakiza

nambaze izina ry’Uhoraho.

Nzoshitsa ivyo nasezeraniye Uhoraho

imbere y’abantu biwe.

Mu nyonga z’Uhoraho

Urupfu rw’abizigirwa biwe ni urw’igiciro.

Vy’ukuri ndi umusavyi wawe, Uhoraho;

ndagukorera nk’uko mama yabikora;

wankuye mu minyororo narimwo.

Nzogushikanira ikimazi co gushima

nambaze izina ry’Uhoraho.

Nzoshitsa ivyo nasezeraniye Uhoraho

mu maso y’abantu biwe,

mu birimba vy’Ingoro yawe, Uhoraho;

hagati muri wewe, Yerusalemu.

Himbaza Uhoraho.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.