Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Imigani 24

Umugani wa 20

Ntukipfuze kuba nk’ababi,

ntukipfuze kuba mu mugwi wabo,

kuko imitima yabo yiyumvira kugira nabi,

kandi iminwa yabo ivuga ivyo gutera imivurungano.

Umugani wa 21

Ubwenge ni bwo butuma inzu yubakwa,

kandi ugutahura ni kwo kuyikomeza.

Ugutahura ni kwo gutuma ivyumba vyayo

vyuzura ubutunzi bwiza bw’igiciro.

Umugani wa 22

Umunyabwenge agira ubushobozi bwinshi,

kandi uwutahura agwiza inkomezi.

None rero ntuzoje mu ntambara utabanje kugirwa inama z’ubwenge;

kuko intsinzi iva ku bajenama benshi.

Umugani wa 23

Ubwenge buri aho igipfu kidahamvya;

iyo kiri mw’ikoraniro ku nama ntikironka ico kivuga.

Umugani wa 24

Uwigira inama yo gukora ikibi

yitwa umugizi wa nabi.

Imigambi y’ubupfu ni icaha,

kandi umucokoranyi yankwa n’abantu.

Umugani wa 25

Niwiyonjorora rukamvye,

uzoba wari ufise inkomezi nke.

Urokore abatwawe kwicwa kubera akarenganyo,

abajugumizwa n’uko bagira bicwe ntuzobirengagize.

Niwavuga uti: “Ariko ntitwabimenye,”

mbega uwusesa imitima ntazoba abibona?

Uwuzigama ubugingo bwawe arazi ko wari ubizi.

Ni we azoha impera umuntu wese,

ikwiranye n’ibikorwa yakoze.

Umugani wa 26

Mwana wanje, uzoje urarya ubuki, kuko ni bwiza.

Ubuki buvuye mu kimamara burasosa ku rurimi.

Ariko kandi umenye ko ubwenge na bwo busosera umushaha.

Niwaburonka, uzogira ivyizigiro vya kazoza keza,

kandi ivyo vyizigiro ntibizogutetereza.

Umugani wa 27

Ntuzokwibunde inyuma y’inzu y’umugororotsi ugomba kumugirira nabi,

kandi ntugasahure ivy’aho aba.

Kuko umugororotsi naho yogwa incuro indwi azosubira ahaguruke.

Ariko abanyavyaha bazogwishwa n’amakuba.

Umugani wa 28

Ntuze unezerwe umwansi wawe niyagwa,

kandi niyatsitara umutima wawe ntuze unezerwe.

Kuko vyohava bibabaza Uhoraho,

bigatuma amukurako uburake bwiwe.

Umugani wa 29

Ntugashavurire inkozi y’ikibi,

kandi ntugashake kuba nk’umubi.

Kuko inkozi z’ibibi ntizigira ivyizigiro vya kazoza,

kandi itara ry’umubi rizozimwa.

Umugani wa 30

Mwana wanje, wubahe Uhoraho, wongere wubahe umwami,

kandi ntukifatanye n’abagarariji,

kuko abo bompi bazomuteza ivyago ningoga.

Kandi mbega ni nde yoshobora kumenya ivyago bazomuteza ingene bingana?

Iyindi migani ya Bwenge

Iyi ni iyindi migani y’abanyabwenge:

Guhengama mu rubanza ni bibi:

Umucamanza abwira umubi ati: “Urera,” azovumwa n’abantu,

kandi amahanga azomurakira.

Ariko uwuhana uwakoze icaha azoba agize neza,

kandi imigisha myinshi izomuzako.

Inyishu igororotse

imeze nk’ugusomana kw’abakundana.

Banza uringanize neza ivyo hanze,

utegure imirima yawe,

hanyuma ubone kwubaka inzu yawe.

Ntukaburanye umubanyi wawe ata mvo,

kandi ntukamubeshere.

Kandi Ntukavuge uti: “Reka ndamwishure ivyo yankoreye,

ndamusubirize mu nkoko ibihwanye n’ivyo yakoze.”

Umusi umwe naciye mu murima w’umunebwe,

nca no mu ruzabibu rw’umuntu w’imburabwenge;

nsanga ahantu hose hameze amahwa,

urwiri rwameze hose,

inzitiro z’amabuye zarahenaguritse.

Maze niyumvira ku vyo mbonye,

na vyo bimpa icigwa:

Niwavuga uti: “Hinge nisinzirire gatoya, mpungure gakeya,

nigorore gatoya, mpfunye amaboko,”

ubukene buzoguhwikira nk’igisuma,

ubworo bugutere nk’umwambuzi.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.