Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Yobu 11

Zofari

Maze Zofari w’i Nayama na we yishura Yobu ati:

“Mbega ayo majambo yose yogenda ata wuyishuye?

Mbega umuntu yokwemerwa ko ari umugororotsi kubera amajambo yiwe menshi?

Ukwihayagiza kwawe kwotuma tunuma?

Mbega nta n’umwe yokwubahuka kukwamira uriko uratukana?

Wewe ubwira Imana uti: ‘Ukwizera kwanje ntikugira agatosi,

kandi uti ndera imbere yawe.’

Ese icompa Imana ikagira ico ivuze,

ikugurura akanwa kayo, ikakwishura.

Mbega yokubwira amabanga y’ubwenge bwayo,

kuko ubwenge bufise impande zibiri.

Ni ho womenya ibi: ko Imana yirengagije bimwe mu bigabitanyo vyawe.

Mbega woshobora gutahura amabanga y’Imana?

Mbega womenya aho ububasha bw’Iyishoboravyose bugarukira?

Bugera hejuru y’amajuru; none wewe uri iki?

Bugera kure i bwina mu kuzimu; none wewe uzi iki?

Urugero rwabwo ni runini gusumba isi,

bwagutse gusumba ibiyaga.

Mbega none igufashe ikagushira mw’ibohero

hanyuma ikagucira urubanza, ni nde yoyihaririza?

Nta gukekeranya, irazi abanyabinyoma;

kandi ibonye ikibi, none nta co yandika?

Umukehabwenge nta kuntu ashobora guhinduka umunyabwenge

kurya indogoba y’inyeshamba, idashobora kuvyara umuntu.

Ariko weho, niwayegurira umutima wawe,

ukayitarikira amaboko,

ugashira kure icaha kiri mu biganza vyawe,

ukankira ikibi na kimwe kwarika mu mutima wawe,

ni ho uzohagarara ata soni,

uzohagarara wemye ata bwoba.

Uzokwibagira imibabaro yawe,

uzovyibuka kurya wibuka amazi yatemvye akarengana.

Ubuzima bwawe buzokayangana kurusha izuba ryo mu mashoka,

ijoro rizokubera nk’umutwenzi.

Uzoba impore kuko uzoba wagize ivyizigiro;

uzokwiraba biguhe gutekanirwa.

Uzoryama usinzire, nta n’umwe azogutera ubwoba.

Kandi benshi bazoza aho uri ngo ubafashe.

Ariko abanyakibi bazogenda bashira inkomezi.

Nta ho bazohungira,

kandi ivyizigiro vyabo ni urupfu.”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.