Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Yeremiya 47

Ubutumwa ku Bafilisitiya

Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya umuvugishwa rivuye k’Uhoraho ryerekeye Abafilisitiya imbere y’uko Farawo atera i Gaza, ryavuga riti:

Uku ni ko Uhoraho avuze:

“Ehe ingene amazi asuriranije mu buraruko;

azohinduka umugezi utemba amazi menshi.

Azosendanisha mu gihugu no ku bintu vyose biri muri co,

ibisagara n’ababibamwo.

Abantu bazoboroga;

ababa mu gihugu bose bazovuza induru

bumvise imirindi y’amafarasi akomeye,

bakumva uguhinda kw’imikogote y’umwansi

hamwe n’uruyogoyogo rw’amaguru yayo.

Abavyeyi ntibazohindukira gutabara abana babo;

amaboko yabo azocika nk’imigozi.

Kuko umusi uje

wo gutikiza Abafilisitiya

no gukuraho abacitse kw’icumu bose

boshoboye gutabara Tiro na Sidoni.

Uhoraho yiteguye gusangangura Abafilisitiya,

amasigarira yo ku kizinga c’i Kafutori.

Gaza hazokwimwesha inkomvorera ku bwo kugandara;

Ashikeloni hazozibwa akanwa.

Yemwe masigarira yo mu kiyaya,

muzogeza ryari kwikebagura?

‘Yo, wa nkota y’Uhoraho we,

mbega uzoruhuka ryari?

Subira mu rwubati rwawe;

sigaho guma hamwe.’

Ariko yotekereza gute?

Kandi Uhoraho ari we yayitegetse,

yarayihaye itegeko

ryo gutera Ashikeloni n’inkengera y’ikiyaga?”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.