Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Yeremiya 45

Ubutumwa kuri Baruki

Igihe Baruki mwene Neriya yandika mu muzingo amajambo uwavugishwa n’Imana Yeremiya amubwiye, mu mwaka ugira kane umwami Yehoyakimu, mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma, Yeremiya yabwiye Baruki ati: “Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze kuri wewe Baruki: Waravuze uti: ‘Ewe jewe ndagowe! Uhoraho anyongerereje imibabaro ku yo nari mfise; ncitse intege ku bwo kuniha kandi nta buruhukiro ngira.’ ”

Ariko, Uhoraho yambariye ngo ndakubwire nti: “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nzosenyura ivyo nubatse kandi nzorandura ivyo nateye, mu gihugu cose. Mbega none woba ukwiye kwironderera ibihambaye? Ntubirondere. Kuko nzoteza ivyago abantu bose, ni ko Uhoraho avuze, ariko aho uzoja hose nzokiza ubugingo bwawe.’ ”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.