Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Yesaya 64

Ese icompa ugasatura ijuru, ukururuka,

maze imisozi igahindira agashitsi imbere yawe!

Nk’uko umuriro uturira inkwi,

na zo zikabiza amazi,

ukuza kwawe kwotuma izina ryawe rimenywa n’abansi bawe,

amahanga agatetemera imbere yawe!

Kuko igihe wakora ibitangaza tutari twiteze,

waramanutse, imisozi ihindira agashitsi imbere yawe.

Uhereye kera cane, nta wurumva,

nta gutwi kwigeze kwumva

canke ijisho ryigeze ribona Imana imeze nkawe,

ikorera ibitangaza abayiteze.

Waje gutabara abakora ivyiza banezerewe,

bakibuka inzira zawe.

Ariko igihe twigumira mu vyaha vyacu,

waraturakiye.

None tuzokizwa n’iki?

Kuko twese twahindutse abanduye,

kandi ivyo twakora nk’ukugororoka vyose vyabaye nk’imishambara yanduye.

Twese twakabiranye nk’ibabi,

ivyaha vyacu bidukubeba nk’umuyaga.

Nta wambaza izina ryawe,

kandi nta wirukira kukwumirako;

kuko waduhishije mu nyonga hawe,

uratureka twicwa n’ivyaha vyacu.

Ariko Uhoraho, ni wewe Data wa twese.

Turi ibumba, nawe uri umubumvyi;

twese turi igikorwa c’amaboko yawe.

Ntuturakire birenze urugero, yewe Uhoraho,

kandi ntuze wigere usubira kwibuka ivyaha vyacu.

Turabishe inyonga zawe, turagusavye,

kuko twese turi abantu bawe.

Ibisagara vyawe vyera vyahindutse ubugaragwa,

na Siyoni hasigaye ari agahinga,

Yerusalemu na ho habaye umusaka.

Ingoro yacu y’ubwiza bwinshi, iyo ba sogokuruza baguhimbarizamwo,

yaraturiwe,

ivyari ivy’agaciro vyose kuri twebwe vyarononekaye.

None inyuma y’ivyo vyose, uzoguma utwigira kure, ga yewe Uhoraho?

Uzoguma winumiye, uduhane ibirenze urugero?

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.