Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Yesaya 56
Agakiza ku bandi
Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Nimuce iziroranye,
kandi mukore ibibereye,
kuko agakiza kanje kari hafi cane,
kandi ukugororoka kwanje kukaba kugira guhishurwe vuba.
Hahiriwe uwukora ivyo,
uwo muntu abifashe nkama,
yubahiriza Isabato ntayihumanye,
akarinda amaboko yiwe ntakore ikibi na kimwe.”
Umunyamahanga yifatanije n’Uhoraho, ashobora kuvuga ati:
“Uhoraho azonca mu bantu biwe.”
Kandi n’inkone ishobora kuvuga iti:
“Jeho ndi igiti cumye.”
Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Inkone zubahiriza Isabato,
zigahitamwo gukora ibimpimbara,
zikazigama isezerano,
nzoziha igihome c’icibutso mu nzu yanje,
icibutso hamwe n’izina
risumba iry’abahungu n’abakobwa;
nzoziha izina rizohoraho,
rizokwamaho ibihe bidashira.
Abanyamahanga bifatanya n’Uhoraho
kugira ngo bamukorere,
bakunde izina ry’Uhoraho
babe abakozi biwe,
hamwe n’abo bose bubahiriza Isabato ntibayihumanye,
bakagumya isezerano ryanje,
nzobazana ku musozi wanje wera,
ndabahere umunezero mu nzu yanje yo gusengeramwo.
Amashikanwa y’ibiturirwa bikamota neza hamwe n’ibimazi vyabo
bizokwakirwa ku gicaniro canje;
kuko Ingoro yanje izokwitwa
inzu isengerwamwo n’amahanga yose.”
Uhoraho Nyeninganji,
we yegeranije Abisirayeli abakuye mu kinyago, avuze ati:
“Nzokwegeranya n’abandi,
ndabashire hamwe n’abamaze kwegeranywa.”
Imana yagiriza inkozi z’ibibi
Nimuze, yemwe nyamaswa zo mu gahinga mwese,
nimuze mutabagure namwe bikoko vyo mw’ishamba!
Abateramyi ba Isirayeli ni impumyi,
bose ni imburabwenge;
ni imbwa z’ibiragi,
zidashobora gukuga;
bararyama bakarota,
bakunda gusinzira!
Ni imbwa zitigera zihaga,
zitigera zironka ibikwiye.
Ni abungere batagira ubwenge,
bazimirira mu nzira zabo,
umwe wese akironderera inyungu ziwe.
Umwe wese aravuga ati: “Nimuze, hinge nzane umuvinyu!
Reka tunywe iziboreza kugeza tuborewe!
Kandi ejo bizoba bimeze nk’uno musi,
canke mbere binarushirize kuba vyiza.”
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.