Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Yesaya 4
Muri ico gihe, abagore indwi
bazofata umugabo umwe,
bamubwire bati: “Tuzorya ivyokurya twirondereye,
kandi tuzokwironderera impuzu twambara.
Twemerere gusa twitirirwe izina ryawe,
udukureko ibimaramare.”
Ishami ry’Uhoraho
Ariko muri ico gihe ishami ry’Uhoraho rizokwambikwa ubwiza n’ugukayangana, kandi amasigarira y’Abisirayeli azokwishimira yongere anezererwe ivyamwa vyo mu gihugu. Abazoba basigaye i Siyoni, bakaguma i Yerusalemu, bazokwitwa abera. Ni abazoba barokotse bakaba banditswe mu gitabu c’abazima i Yerusalemu. Imana izokwoza imyanda y’abakobwa b’i Siyoni, ihanagure amaraso yasesekeye i Yerusalemu ikoresheje impwemu y’urubanza n’impwemu y’umuriro. Ku murango, Uhoraho azorema igicu kibe hejuru y’umusozi Siyoni hamwe n’abahakoranira bose, mw’ijoro na ho aharemere imbeya z’umuriro. Icubahiro ciwe kizoba hejuru ya vyose nk’ihema rinini rihapfutse. Kizoba ubwugamo n’igitutu mu bushuhe bwo ku murango, n’ubuhungiro n’ubwihisho mu gihe c’igihuhusi n’imvura.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.