Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Yesaya 39
Intumwa zavuye i Babiloni
Muri ico gihe nyene, Merodaki-Baladani mwene Baladani, umwami w’i Babiloni, arungikira Hezekiya amakete yo kumusuhuza hamwe n’utuganuke, kuko yari yumvise ivyo kugwara no gukira kwiwe. Hezekiya yakira neza abazanye ubwo butumwa, abereka mu nzu hose n’ivyari mu bubiko vyose: ifeza, inzahabu, ibimota neza, amavuta, abereka n’imyambaro y’intambara, hamwe n’ibindi vyose vyari mu bubiko bwiwe. Nta na kimwe cari ku kirimba canke mu bwami bwose ataberetse.
Umuvugishwa Yesaya aragenda abaza umwami Hezekiya ati: “Abo bantu bakubwiye iki, kandi baje bava he?” Hezekiya amwishura ati: “Baje iwanje bavuye mu gihugu ca kure; baje bava i Babiloni.”
Yesaya aramubaza ati: “Babonye iki ku kirimba iwawe?”
Hezekiya amwishura ati: “Babonye ibintu vyose biri mu ngoro yanje. Nta na kimwe c’ubutunzi bwanje ntaberetse.”
Yesaya abwira Hezekiya ati: “Niwumve ijambo ry’Uhoraho Mushoboravyose: Hazogera igihe aho ibiri muri iyi ngoro vyose, ivyo ba sogokuruza bawe begeranije gushika uwu musi, bizotwarwa i Babiloni. Nta na kimwe kizosigara, ni ko Uhoraho avuze. Kandi bamwe bo mu ruvyaro rwawe, abana bawe bwite, bazogukomokako, bazotwarwa, bagirwe inkone ku kirimba c’umwami w’i Babiloni.”
Hezekiya amwishura ati: “Ijambo ry’Uhoraho uvuze ni ryiza.” Aho rero ni kubera yibwira mu mutima ati: “Kazima mu gihe nzoba nkiriho hazoba hari amahoro.”
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.