Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Yesaya 15
Imburi kuri Mowabu
Ivyo Yesaya yavugishijwe kuri Mowabu:
Igisagara Ari c’i Mowabu kirasambutse,
gitikijwe mw’ijoro rimwe!
Ikindi citwa Kiri c’i Mowabu nyene gihindutse umusaka,
gitikijwe mw’ijoro rimwe!
Ab’i Diboni baraduze,
bagiye mu nsengero
no ku dutwe tw’imisozi kuririrayo,
Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba.
Umuntu wese yimosheje uruharabuga,
kandi abafise ubwanwa barabumoye.
Mu mabarabara, bambaye amagunira;
bari hejuru ku mazu yabo no mu bibanza vy’amakoraniro
bose baraboroga,
bubamye barira.
Heshiboni na Eliyalehi bakoma induru,
induru yabo irumvikana gushika i Yahazi.
Ni co gituma ingabo z’i Mowabu zikomye induru,
imitima yabo icitse ivutu.
Umutima wanje uraririra Mowabu:
abacitse kw’icumu baho birutse bahunga bashika n’i Zowari,
bageze no muri Egulati-Shelishiya.
Baduze n’umusozi witwa Luhiti,
barira ingenda;
bafashe inzira ija i Horonayimu,
bagiye baracura intimba kubera agatikizo kababayeko.
Amazi y’i Nimurimu arakamye,
ivyatsi birakabiranye:
ibiterwa biratikiye,
nta catsi kibisi gisigaye.
Ubutunzi bari bariyegeranirije,
butwawe hakurya y’umwonga w’i Popalarisi.
Induru zabo zirasekera gushika ku mbibe zose za Mowabu:
amaborogo yabo ashika kure no muri Egilayimu,
gucura intimba kwabo gushika kure n’i Beyeri Elimu.
Amazi y’i Diboni yuzuyemwo amaraso,
kandi sindaheza gutera i Dimoni:
intambwe yirutse ku banyamowabu bahunze
no ku basigaye mu gihugu.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.