Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hoseya 3

Hoseya yiyuzuza n’umugore wiwe

Uhoraho arambwira ati: “Genda, usubire wereke urukundo umugore wawe, naho akundwa n’uwundi mugabo kandi akaba umusambanyikazi. Umukunde nk’uko Uhoraho akunda Abisirayeli, naho bahindukirira izindi mana bagakunda udutsima tubumbiwe izo mana mu nzabibu.”

Nuko ndamugura shekeli cumi na zitanu1 z’ifeza n’ingero homeru na leteki2 vya sayiri. Hanyuma nca ndamubwira nti: “Uzobana nanje imisi myinshi; ntuzosubire kuba maraya canke ngo wongere kuryamana n’uwundi mugabo n’umwe, nanje nzobana nawe gutyo nyene.”

Ni ukuvuga ko Abisirayeli bazobaho imisi myinshi ata mwami canke umuganwa bafise, ata bimazi canke inkingi, ata efodi canke ibigirwamana. Inyuma y’ivyo Abisirayeli bazogaruka biyegurire Uhoraho Imana yabo no kuri Dawidi umwami wabo. Kandi mu misi ya nyuma, bazoza k’Uhoraho no ku migisha yiwe bahindishwa agashitsi no kugira neza kwiwe.

Source notes (2)
  1. Footnote Ni nk’amagarama 170.
  2. Footnote Ingero homeru na leteki ziri hamwe zapima nk’ibilo 195.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.