Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Hoseya 14
Ukwihana kuzana umugisha
Nimugaruke k’Uhoraho Imana yanyu, yemwe Bisirayeli.
Kuko ivyaha vyanyu ari vyo vyatumye mugwa!
Nimujane amajambo yanyu yo kwihana
mugende k’Uhoraho.
Mumubwire muti:
“Duharire ivyaha vyacu vyose
maze utwakirane ubuntu,
kugira ngo tugushikanire ivyimburwa vy’ishimwe bivuye mu kanwa kacu.
Ashuri ntibashobora kudukiza;
canke kwurira amafarasi yacu y’intambara.
Ntituzosubira kuvuga tuti: ‘Muri imana zacu,’
tubwira ivyo amaboko yacu yakoze,
kuko muri wewe honyene ni ho impfuvyi zironka kugirirwa impuhwe.”
“Nzoharira ugusubira inyuma kwanyu
kandi nzobakundisha umutima wanje wose,
kuko uburake bwanje bubavuyeko.
Nzoba nk’ikime ku Bisirayeli;
bazoshurika nk’ishurwe ryiza.
Bazoshora imizi igere kure mw’ivu
nk’igiti c’isederi c’i Libani
kandi imivyaro yabo izokura.
Ubwiza bwabo buzoba nk’ubw’igiti c’umwelayo,
ugutamirana kwabo kuzoba nk’ukw’isederi ry’i Libani.
Abantu bazosubira kuba musi y’igitutu ciwe;
bazokura nk’ingano,
bashurike nk’imizabibu,
kumenyekana kw’Abisirayeli kuzoba nk’ukw’umuvinyu w’i Libani.
Efurayimu we, uracasangiye iki n’ibigirwamana?
Nzomwishura kandi nzomwitaho.
Nzoba nk’igiti c’isederi cama gitoshe;
ivyamwa vyawe biva kuri jewe.”
Ni nde w’umunyabwenge? Natahure ibi bintu.
Ni nde afise ubumenyi? Nabimenye.
Inzira z’Uhoraho ziragororotse;
kandi umugororotsi azozigenderamwo,
ariko abagarariji bazozitsitaramwo bagwe.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.