Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Abaheburayo 3

Yesu aruta Mose

Nuko rero bene Data, mwebwe mwahamagawe n’Imana, mwiyumvire cane kuri uwu Yesu, uwo twemera nk’intumwa n’Umuherezi Mukuru wacu. Yabaye umwizigirwa imbere y’Imana yo yamujeje iki gikorwa, nk’uko Mose yakoze nk’umwizigirwa igihe Imana yamuzeza inzu yayo yose. Ariko Yesu akwiye icubahiro kiruta ica Mose, nk’uko uwubatse inzu akwiye icubahiro kiruta ic’inzu yubatse. Inzu yose irafise uwayubatse, ariko Imana ni yo yubatse vyose. “Mose yabaye umwizigirwa mu nzu y’Imana nk’umukozi,”1 kugira ngo ashingire intahe ivyo Imana yari igiye kuvuga muri kazoza. Ariko Kristo ni umwizigirwa nk’Umwana yahawe kuganza inzu y’Imana. Kandi iyo nzu ni twebwe, niyo twagumya ugushira amanga n’ivyizigiro dufise muri Kristo.

Twirinde ukutizera

Ni co gituma Mpwemu Yera avuga ati:

“Uwu musi nimwumva ijwi ryiwe,

ntimukomantaze imitima yanyu

nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bangarariza

bakangerageza mu bugaragwa.

Aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,

naho bari barabonye ivyo nabakoreye imyaka mirongo ine.

Ni co gituma nabashavuriye,

ndavuga nti: ‘Imitima yabo yama izimira,

kandi ntibamenye inzira zanje.’

Ni co catumye ndahirana uburake nti:

‘Ntibazokwigera binjira aho kuruhukira nateguye.’2”

Nuko rero bene Data, mwirinde kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe agira umutima mubi utizera ngo bitume ava ku Mana nzima. Ahubwo, muhanurane imisi yose, tugishobora kuvuga “uwu musi”, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantazwa no guhendwa n’icaha. Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye. Mwibuke ico Ivyanditswe bivuga:

“Uwu musi nimwumva ijwi ryayo,

ntimukomantaze imitima yanyu

nk’uko Abisirayeli babikoze igihe bayigarariza.”3

Mbega ni ba nde bagararije Imana, kandi bari barumvise ijwi ryayo? Si bamwe bari bavuye muri Egiputa barongowe na Mose? Mbega ni ba nde bashavuje Imana imyaka mirongo ine? Si bamwe bacumura maze imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa? Mbe ni ba nde Imana yabarira igihe yarahira ko batazokwigera binjira aho kuruhukira yateguye? Si bamwe batayumvira? Ico tubona ni uko, kubera ukutizera kwabo, batashoboye kwinjira aho kuruhukira Imana yateguye.

Source notes (3)
  1. Footnote Guharura 12:7
  2. Footnote Zaburi 95:7-11
  3. Footnote Zaburi 95:7,8

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.