Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025
Ezekiyeli 41
Hanyuma wa muntu anjana mu cumba gikuru c’Ingoro, apima impome zari ku mpande zompi z’inzira yaja muri ico cumba: zapima ingero z’igice c’ukuboko zitandatu1 z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko cumi2 z’uburebure bw’amakika, hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu3 kuva ku ruhome rumwe gushika ku rundi. Iyo Ngoro yari ifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ine z’uburebure bw’amakika, n’ubwaguke bw’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri4.
Maze yinjira mu cumba co haruguru, apima inkingi z’umuryango; imwimwe yose yari ifise ingero z’igice c’ukuboko zibiri5 z’ubwaguke, n’ingero z’igice c’ukuboko zitandatu6 z’uburebure bw’amakika, kandi uburebure bwo kuva ku muryango gushika ku zindi mpome bwari ingero z’igice c’ukuboko indwi7. Apima ubwaguke bw’ico cumba c’imbere, asanga kingana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri8 ku ruhande rwose kandi impande zose zarangana. Maze aca ambarira ati: “Aha ni Ahera Cane.”
Yongera apima uruhome rw’Ingoro, asanga rupima ingero z’igice c’ukuboko zitandatu9 z’ubwaguke, utwumba tw’ububiko twari dufise ingero z’igice c’ukuboko zine10 z’ubwaguke, dukikuje urusengero impande zose. Kandi utwo twumba two ku ruhande twari tugerekeranye ku buryo tuba amagorofa atatu, umurongo wose uriko utwumba mirongo itatu. Impome zatwo zari zegeranye n’uruhome rw’inyuma rw’Ingoro ariko zikikuje impande zose z’Ingoro, kugira ngo ntitwegamire kuri rwo. Utwo twumba twari dukikuje Ingoro, uko twari tugerekeranye ni ko twarutana. Inyubako ikikuje urusengero yari yubatswe mu buryo igenda iraduga, ku buryo utwo twumba twagenda twaguka uko umuntu aduga. Hariho ingazi iyo uriko uraduga ujana igenda iduga kandi izunguruka ikikuje urusengero, mu kuja mu twumba two hejuru ugaca mu two hagati.
Hanyuma mbona ko iyo ngoro ifise urufatiro rurenze gatoya ku ruhome, rukaba n’urufatiro rwo ku ruhande rw’utwo twumba. Uburebure bw’igihagararo bw’urwo rufatiro rwari ingero z’igice c’ukuboko zitandatu11. Ubwaguke bw’urwo ruhome rw’inyuma rwariko utwo twumba bwari ingero z’igice c’ukuboko zitanu12 z’ubwaguke. Umwanya wasigara hagati y’utwo twumba two ku ruhande n’utwumba tw’abaherezi wari ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri13 z’ubwaguke uzungurutse urusengero. Imiryango y’utwo twumba yari iraba ku mbuga, umuryango umwe uraba mu buraruko, uwundi uraba mu bumanuko. Ahari hatubatse hagati y’amazu hari ingero z’igice c’ukuboko zitanu14 z’ubwaguke.
Inzu yari imbere y’ahatubatse haherereye mu burengero bw’urusengero, yari ifise ingero z’igice c’ukuboko indwi15 z’ubwaguke. Impome zayo zari zifise intimba ingana y’ingero z’igice c’ukuboko zitanu16, uburebure bw’iyo nzu na bwo bwangana n’ingero z’igice c’ukuboko mirongo icenda17.
Maze apima urusengero; rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana18 z’uburebure bw’amakika, kandi kuva kuri rwo ugaca ku mbuga yari irukikuje harimwo n’impome z’uruzitiro, hari ingero z’igice c’ukuboko ijana z’uburebure. Imbuga yo ku ruhande rwo mu buseruko bw’urusengero ifatanye n’imbere y’urusengero hari hafise ubwaguke bw’ingero z’igice c’ukuboko ijana19.
Maze apima uburebure bw’inyubakwa irabana n’imbuga y’imbere y’urusengero, harimwo n’amabaraza yarwo ku mpande zose; yari ifise ingero z’igice c’ukuboko ijana20.
Mu rusengero, ahanini habera amakoraniro, n’ibaraza vyose vyaraba kuri iyo mbuga, hamwe rero n’urugi n’amadirisha vyari imbere mu rusengero, no mu mabaraza akikuje ku mazu agerekeranye atatu atatu, no mu muryango hose, igisenge caho cari gikozwe mu mbaho, kandi uhereye hasi, ukaduga ku mpome gushika ku madirisha no hejuru yayo hari hapfukishije imbaho. Inyuma n’imbere mu Ngoro, kuva mu rwinjiriro gushika ku cumba c’inyuma, impome zari zishushanijweko ibisharizo. Vyari bishushanijweko abakerubi, n’ibigazi. Ikigazi cose cakurikirana n’umukerubi, kandi umukerubi wese yari afise mu maso habiri. Mu maso hamwe hari hameze nk’ah’umuntu, hakaraba ku kigazi co ku ruhande rumwe, ahandi hari hameze nk’ah’intare hakaraba ku kindi kigazi co ku rundi ruhande. Vyari bishushanije ku mpande zose z’Ingoro. Kuva hasi gushika hejuru y’umuryango hari hashushanije abakerubi n’ibigazi. Uko ni ko impome zose z’Ingoro zari zishushanijweko.
Ibishimaryango vy’umuryango w’Ingoro vyari bifise impande zingana, kandi n’ivy’urugi ruja Ahera Cane vyangana n’ivyo. Hariho igicaniro cabajwe mu giti, cari gifise ingero z’igice c’ukuboko zitatu21 z’uburebure, n’ingero z’igice c’ukuboko zibiri22 z’ubwaguke, kandi impande zose zarangana: imfuruka zaco, aho giterekwa hamwe n’impande zaco vyari bikozwe mu mbaho. Uwo muntu arambarira ati: “Iyi ni imeza iri imbere y’Uhoraho.” Kandi Ingoro hamwe n’Ahera Cane vyari bifise inzugi zibiri. Urugi rumwerumwe rwose rwari rugabuwemwo zibiri zugururwa zija ku mpande zose. Inzugi zo ku Ngoro zari zishushanijeko abakerubi n’ibigazi nka bimwe bishushanije ku mpome, kandi imbere y’umuryango hari ubwicaro bukozwe mu mbaho. Kandi ku mpande zose z’umuryango hari amadirisha matomato akingiwe n’ivyuma, hamwe n’ibigazi bishushanije.
Source notes (22)
- Footnote Ni nk’imetero 3,2.
- Footnote Ni nk’imetero 5,3.
- Footnote Ni nk’imetero 2,7.
- Footnote Ni nk’imetero 21 z’uburebure n’imetero 11 z’ubwaguke.
- Footnote Ni nk’imetero 1,1.
- Footnote Ni nk’imetero 3,2.
- Footnote Ni nk’imetero 3,7.
- Footnote Ni nk’imetero 11.
- Footnote Ni nk’imetero 3,2.
- Footnote Ni nk’imetero 2,1.
- Footnote Ni nk’imetero 3,2.
- Footnote Ni nk’imetero 2,7.
- Footnote Ni nk’imetero 11.
- Footnote Ni nk’imetero 2,7.
- Footnote Ni nk’imetero 37.
- Footnote Ni nk’imetero 2,7.
- Footnote Ni nk’imetero 48.
- Footnote Ni nk’imetero 53.
- Footnote Ni nk’imetero 53.
- Footnote Ni nk’imetero 53.
- Footnote Ni nk’imetero 1,5.
- Footnote Ni nk’imetero 1.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.
Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.