Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Ezekiyeli 15

Yerusalemu, igiti c’umuzabibu ata co kimaze

Ijambo ry’Uhoraho ryongera kumbwira riti: “Mwana w’umuntu, mbega ishami ry’igiti c’umuzabibu hari ico risumvya irindi shami iryo ari ryo ryose ryo mw’ishamba? Mbega ico giti hari uwugikuramwo imbaho zo gukoramwo ibindi bintu, canke akakibazamwo ico kumanikako ibikoresho? Mbega uko kingana iyo gicanywe, umutumba waco ugacika amakara, hari ico kiba kikimaze? None ikintu ata co gishobora kumara kikiri kizima, comara iki kimaze guturirwa kigacika umunyota?

None rero uku ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze: Nk’uko natanze igiti c’umuzabibu ngo kibe urukwi rwo mu bindi biti vyo mw’ishamba, ni ko nzotanga ababa i Yerusalemu. Nzohindukiriza inyonga zanje kubagwanya. Naho bavuye mu mucanwa, ni wo nyene uzobatongora. Kandi nzohindukirira kubagwanya, bazomenya ko ndi Uhoraho. Nzosiga igihugu ari agahinga, kuko batabaye abizigirwa, ni jewe Uhoraho Nyeninganji ndabivuze.”

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.