Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Kuvayo 38

Bakora igicaniro co guturirirako ibimazi

Bubaka igicaniro co guturirirako ibimazi mu giti c’ikasiya gifise uburebure n’ubwaguke bingana ku ngero z’igice c’ukuboko zitanu1, n’ingero z’igice c’ukuboko zitatu2 z’igihagararo. Bagiha amahembe ane mu mfuruka zine, kandi akorwa kumwe n’igicaniro, hanyuma bacomekako umwakaka. Bakora n’ibikoresho vyose bijana n’igicaniro mu butare bw’umwakaka ari vyo vy’ibi: udukono, ivyo kuyoza umunyota, ivyo kwokoza inyama, n’ico kurahurirako umuriro. Ico gicaniro bagikorera akayungiro, bacura n’ibigombo vyo gufata imyamba, babitera mu mfuruka zine za ka kayungiro. Iyo myamba bayibaje mu giti c’ikasiya, bayomekako umwakaka, bayicisha muri vya bigombo bine biri ku mpande zibiri z’igicaniro kugira ngo ibe ari yo bazoja barakireruza. Bacubatse kimeze nk’isandugu ipfunduruye.

Bacura ibesani yo gukarabiramwo

Bacura ibesani mu butare bw’umwakaka n’ivyo bayiterekako bikozwe mu mwakaka wavuye ku vyirore vyatanzwe n’abagore bakora mu rwinjiriro rw’Ihema ry’Ibonaniro.

Bubaka urugo

Bahejeje ivyo, bubaka urugo: uruhande rwo mu bumanuko rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana3 z’uburebure kandi rwari rugizwe n’ibitambara bijishwe mu nyuzi zera derere, zihinze neza. Rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo zihagazeko mirongo ibiri bikozwe mu butare bw’umwakaka, n’imirinda icuzwe mw’ifeza hamwe n’ibifatanije izo nkingi. Uruhande rwo mu buraruko na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko ijana4 z’uburebure, rukagira n’inkingi mirongo ibiri n’ivyo ziteretseko mirongo ibiri bicuzwe mu mwakaka, rukagira imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije izo nkingi.

Uruhande rwo mu burengero rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu5, rugizwe n’ibitambara, rukagira inkingi icumi n’ivyo ziteretseko icumi bicuzwe mw’ifeza, hamwe n’imirinda icuzwe mw’ifeza, co kimwe n’ibirambitse bifatanije za nkingi. Uruhande rwo mu buseruko, na rwo nyene rwari rufise ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu6. Ku ruhande rumwe rw’urwinjiriro haja igitambara c’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu7, n’inkingi zaco zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene; ku rundi ruhande hari ibitambara vy’ingero z’igice c’ukuboko icumi na zitanu8 nyene, n’inkingi zitatu n’ivyo ziterekwako bitatu nyene. Ibitambara vyose vyari bigize urugo vyari bijishwe mu nyuzi zera zihinze neza. Ibiterekwako inkingi vyari bicuzwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yose na yo yari ikozwe mw’ifeza. Ku mitwe y’inkingi hari hometseko ifeza, kandi imiringa yo gufata ibitambara yose yari ikozwe mw’ifeza.

Ibitambara bikinga mu rwinjiriro rw’urugo vyari bijishwe mu nyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere zihinze neza, vyakozwe n’abahinga karuhariwe. Vyari bifise ingero z’igice c’ukuboko mirongo ibiri9 z’uburebure, hamwe n’ingero z’igice c’ukuboko zitanu10 z’ubwaguke, co kimwe n’ibitambara bigize urugo. Vyari biseguwe n’inkingi zine n’ivyo zihagazeko bine bikozwe mu butare bw’umwakaka, imirinda yavyo n’ibitambikwa bifatanya inkingi vyari bikozwe mw’ifeza, kandi imitwe y’inkingi yari yometseko ifeza. Imambo zose z’Ihema hamwe n’iz’urugo rwari ruyikikuje zari zacuzwe mu butare bw’umwakaka.

Ivyakoreshejwe mu kwubaka ihema ry’ibonaniro

Ibi ni vyo bikoresho vyakoreshejwe mu kwubaka Ihema ry’Ibonaniro, nk’uko Mose yageze ko biharurwa, Abalewi bakaba ari bo babiharuye, barongowe na Itamari mwene Aroni umuherezi. Bezaleli mwene Uri, umwuzukuru wa Huri wo mu muryango wa Yuda, ni we yakoze ivyo Uhoraho yari yategetse Mose vyose; Yari afatanije na Oholiyabu mwene Ahisamaki, wo mu muryango wa Dani, umuhinga mu kwishushaniririza ivyo yakora, akaba n’umuhinga mu gutegura inyuzi z’ubururu, izitukura, izitukura cane n’izera derere. Inzahabu zatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe zakoreshejwe mu bikorwa vyo kwubaka ihema zangana n’italanto mirongo ibiri n’icenda na shekeli amajana indwi na mirongo itatu,11 hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera.

Ifeza zegeranijwe mw’ikoraniro zangana n’italanto ijana12 na shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu,13 hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera. Izo feza zatanzwe nk’ikori n’abagabo bose baharuwe, umwe wese agatanga ingero beka imwe, ni ukuvuga igice ca shekeli,14 hakoreshejwe ingero shekeli y’Ahera. Abagabo batanze ifeza bari ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongo itanu bafise imyaka mirongo ibiri n’iyirenga. Izo talanto ijana z’ifeza zakoreshejwe mu gucura ibitereko vyo gushingamwo inkingi ijana z’Ihema n’iza ca gitambara gikingiriye Ahera. Ibitereko ijana vyavuye mw’italanto ijana, italanto imwe ivamwo igitereko kimwe. Bakoresheje shekeli igihumbi n’amajana indwi na mirongo indwi na zitanu mu gucura imirinda n’ibitambikwa vyo gufatanya inkingi, izindi bazomeka ku mitwe y’inkingi.

Ivyo mu butare bw’umwakaka vyatanzwe nk’ishikanwa ridasanzwe vyangana n’italanto mirongo indwi na shekeli ibihumbi bibiri n’amajana ane15. Ivyo vyakoreshejwe mu gucura ivyo guterekako inkingi zo ku rwinjiriro rw’ihema ry’ibonaniro, ku gicaniro c’umwakaka hamwe n’ibikoresho bijana na co, ivyateretsweko inkingi zigize urugo rukikuje ihema hamwe n’urwinjiriro rwaryo, n’imambo z’Ihema n’iz’urugo ruyikikuje.

Source notes (15)
  1. Footnote Ni nk’imetero 2,3.
  2. Footnote Ni nk’imetero 1,5.
  3. Footnote Ni nk’imetero 45.
  4. Footnote Ni nk’imetero 45.
  5. Footnote Ni nk’imetero 23.
  6. Footnote Ni nk’imetero 23.
  7. Footnote Ni nk’imetero 6,8.
  8. Footnote Ni nk’imetero 6,8.
  9. Footnote Ni nk’imetero 9.
  10. Footnote Ni nk’imetero 2,3.
  11. Footnote Izo nzahabu zose hamwe zapima nk’ibilo 1.000.
  12. Footnote Ni nk’ibilo 3.750.
  13. Footnote Ni nk’ibilo 20.
  14. Footnote Ni nk’amagarama 5,7.
  15. Footnote Vyose hamwe ni nk’ibilo 2.500.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.