Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Kolosayi 4

Ba shebuja, mugirire ibigororotse kandi bibereye abagurano banyu, kuko mubizi namwe ko mufise Shobuja Mukuru mw’ijuru.

Impanuro zo guherezako

Mushishikare gusenga, mube maso kandi mushima. Kandi natwe mudusengere, kugira ngo Imana itwugururire umuryango wo kuvuga Ubutumwa, tumenyeshe abantu ibanga rya Kristo, iryo mbohewe. Munsengere kugira ngo ndaryamamaze mu buryo butomoye, nk’uko ntegerezwa. Mugire ubwenge ku kuntu mubana n’abantu bo hanze; kandi mukoreshe neza akaryo kose muhawe. Ibiyago vyanyu bibe vyuzuyemwo ubuntu, birunzwe umunyu, kugira ngo mumenye uko mwishura umuntu wese.

Gusezera n’intasho

Tukiko azobabwira amakuru yose anyerekeye. Ni mwene Data dukunda, umukozi w’umwizigirwa, uwo dusangiye igikorwa c’Umwami. Ni muri iyo ntumbero ndamubarungikiye, kugira ngo mumenye uko tumerewe yongere aremeshe imitima yanyu. Azananye na Onezime, umuvukanyi w’umwizigirwa, umwe muri mwebwe. Bazobabwira ibiriko birabera hano vyose.

Arisitariko, mugenzi wacu dupfunganywe, arabaramutsa, hamwe na Mariko, muvyara wa Baranaba. (Mwarasiguriwe ivyiwe; niyaza iwanyu muze mumwakire.)

Yesu twita Yusito, na we nyene arabaramutsa. Abo ni bo bonyene bo mu Bayuda dukorana ivy’Ubwami bw’Imana, kandi bambereye indemeshanyo ikomeye cane.

Epafura, umwe muri mwebwe kandi akaba umukozi wa Kristo Yesu, arabaramutsa. Yama imisi yose abagwanira intambara mu gusenga, kugira ngo muhagarare mushikamye, mukuze mu mpwemu kandi mushize amanga, mwiteguriye gukora ivyo Imana igomba vyose. Ndamushingira intahe ko yitanga ku bwanyu mwe n’ab’i Lawodikiya bose n’i Hiyerapolisi.

Muganga Luka, umuvukanyi akaba n’umugenzi, na Dema barabaramutsa.

Muntahirize abavukanyi b’i Lawodikiya, na Nimfa hamwe n’ishengero rikoranira mu nzu yiwe.

Iri kete nimwamara kurisomerwa, mukore ibishoboka vyose kugira ngo risomerwe abo mw’ishengero ry’i Lawodikiya, kandi namwe muze musome iryo bazobarungikira.

Mumbwirire Arukipo muti: “Gira ibishoboka vyose ushitse igikorwa wahawe n’Umwami.”

Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje. Ubuntu bw’Imana bubane namwe.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.