Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Korinto 13

Izindi mpanuro

Rizoba ari irya gatatu ndabagendeye. Nk’uko Ivyanditswe bibivuga, “Urubanza rwose ruzocibwe habanje kwumvirizwa ivyabona bibiri canke bitatu.”1 Naraburiye abagumye mu vyaha igihe nabagendera ubwa kabiri. N’ubu ndabibasubiriyemwo n’aho tutari kumwe: ninagaruka, sinzokwihanganira umuntu n’umwe, ko muriko murasaba ivyemeza ko Kristo avugira muri jewe. Ntananiwe no kubakiza, kuko akorana inkomezi muri mwebwe. Naho yabambwe ari umunyantegenke, ubu abayeho mu bushobozi bw’Imana. Natwe ni nk’uko, turi abanyantegenke nk’uko Kristo yari, ariko ubushobozi bw’Imana buba muri twebwe iyo turiko turabakorera.

Mwisuzume kugira ngo mumenye ko muhagaze mu kwizera. Nimube ari mwebwe mwisuzuma. Musanzwe muzi ko Yesu Kristo ari muri mwebwe: atari uko, muzoba mwananiwe no kwisuzuma. Kandi ndizera ko muzotahura ko tutananiwe no kwisuzuma nk’intumwa. Ico tubasengera ku Mana ni uko ata kibi mwokora. Atari ukugira ngo abantu babone ko twahagaze neza mu kwisuzuma kwacu, ariko kugira ngo mukore ibibereye naho vyoba bisa nk’aho twananiwe mu gikorwa cacu. Kuko ata co twemerewe gukora kinyuranye n’ukuri, ariko dutegerezwa guhagararira ukuri. Turanezerwa iyo tuboneka nk’abanyantegenke ariko mukaboneka ko muri abanyenkomezi. Kandi turabasengera ngo mutunganywe rwose. Ni co gituma ndabandikira ibi tutari kumwe, kugira ngo ninaza sinze ndabakarire mu bubasha nahawe n’Umwami, kuko ari ububasha bwo kubakomeza atari ubwo kubasambura.

Intasho

Bene Data, ndangije ndabasezera. Murondere ugutunganywa, muterane intege, muhuze umutima n’inama, mubane amahoro, maze Imana y’amahoro n’urukundo izobana namwe.

Muramukanye mu kugumbirana kwera.

Abera b’Imana ba hano na bo barabatasha.

Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo, urukundo rw’Imana n’ukunywana na Mpwemu Yera bibane namwe mwese.

Source notes (1)
  1. Footnote Gusubiramwo 19:15

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.