Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Petero 5

Ku barongozi mw’ishengero n’abizera

Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa: mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene. Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho. Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa urugori rw’ubwiza rutazokwigera rutakaza ubwiza.

Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko,

“Imana igwanya abibona

ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”1

Nuko rero mwicishe bugufi, musi y’ikiganza c’Imana c’ubushobozi kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye. Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.

Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa. Mumugwanye mushikamye mu kwizera, kuko muzi yuko bene So benshi bariko baraca mu mibabaro nk’iyo mw’isi yose.

Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe. Ubushobozi ni ubwayo ibihe bidashira. Amen.

Intasho

Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.

Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe co kimwe namwe rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.

Muramukanishe indamukanyo y’urukundo.

Amahoro abe kuri mwebwe mwese abari muri Kristo!

Source notes (1)
  1. Footnote Imigani 3:34

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.