Skip to content
BibleKenya

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Ngoma 3

Bene Dawidi

Aba ni bo bahungu Dawidi yavyariye i Heburoni:

imfura yiwe ni Amunoni, nyina yari Ahinowamu w’i Yezireyeli;

uwa kabiri ni Daniyeli, nyina yari Abigayili w’i Karumeli;

uwa gatatu ni Abusalomu, nyina yari Mayaka umukobwa wa Talumayi umwami w’i Geshuri;

uwa kane ni Adoniya, nyina yari Hagiti;

uwa gatanu, Shefatiya, nyina yari Abitali;

n’uwa gatandatu, Itureyamu, uwo yavyaranye n’umugore wiwe Egula.

Abo uko ari batandatu ni bo Dawidi yavyariye i Heburoni, aho yamaze imyaka indwi n’amezi atandatu ari umwami.

Imyaka Dawidi yamaze ari umwami i Yerusalemu ni mirongo itatu n’itatu,

kandi aba ni bo bana yavyariye i Yerusalemu:

Shimeya, Shobabu, Natani na Salomo. Abo uko ari bane yabavyaranye na Batisheba umukobwa wa Amiyeli.

Hariho na Ibuhari, Elishama, Elifeleti, Nogahu, Nefegi, Yafiya, Elishama, Eliyada na Elifeleti, bose hamwe bari icenda.

Abo bose ni bo bari bene Dawidi, udashizemwo abo yavyaranye n’incoreke ziwe. Kandi Tamari ni we wenyene yari mushiki wabo.

Abami b’i Buyuda

Abakomoka kuri Salomo ni Rehobowamu

umuhungu wiwe, Abiya

umuhungu wiwe, Asa

umuhungu wiwe, Yehoshafati

umuhungu wiwe, Yoramu

umuhungu wiwe, Ahaziya

umuhungu wiwe, Yowashi

umuhungu wiwe, Amaziya

umuhungu wiwe, Azariya

umuhungu wiwe, Yotamu

umuhungu wiwe, Ahazi

umuhungu wiwe, Hezekiya

umuhungu wiwe, Manase

umuhungu wiwe, Amoni

umuhungu wiwe na Yosiya umuhungu wiwe.

Abagiye ku ngoma inyuma ya Yosiya ni aba:

imfura yiwe Yohanani,

umuhungu wiwe wa kabiri Yehoyakimu,

umuhungu wiwe wa gatatu Zedekiya,

umuhungu wiwe wa kane Shalumu ari we Yehowahazi,

Abagiye ku ngoma inyuma ya Yehoyakimu ni aba:

umuhungu wiwe Yehoyakini ari we Yekoniya

hamwe n’umuhungu wiwe Zedekiya.

Abo mu nda y’ingoma inyuma yo kuba inyagano

Abo mu ruvyaro rwa Yehoyakini yajanywe ari inyagano ni:

umuhungu wiwe Sheyalutiyeli, Malukiramu, Pedaya, Shenazari, Yekamiya, Hoshama na Nedabiya.

Bene Pedaya ni:

Zerubabeli na Shimeyi.

Bene Zerubabeli ni:

Meshulamu na Hananiya. Shelomiti yari mushiki wabo. Hariho n’abandi batanu ari bo: Hashuba, Oheli, Berekiya, Hasadiya na Yushabu-Hesedi.

Abakomoka kuri Hananiya ni:

Pelatiya na Yeshaya, n’abahungu ba Refaya, ba Arunani, ba Obadiya n’aba Shekaniya.

Abakomoka kuri Shekaniya ni:

Shemaya n’abahungu biwe: Hatushi, Igali, Bariya, Neyariya na Shafati, bose bari batandatu.

Bene Neyariya ni:

Eliyowenayi, Hezekiya na Azirikamu, bose bari batatu.

Bene Eliyowenayi ni:

Hadoviya, Eliyashibu, Pelaya, Akubu, Yohanani, Delaya na Anani bose, bari indwi.

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025. Copyright © Biblica, Inc. Licensed under CC BY-SA 4.0. Source: Open.Bible. Typeset from the source files; no intended changes to scripture wording. BibleKenya is not endorsed by the rights holder.

Full source notice & licence · CC BY-SA 4.0 · SourceEdition imported 2026-11-09.

BibleKenya

Reader settings

Theme
Font
Alignment
Reading width

Saved in this browser and used offline too. Press ? for keyboard shortcuts.